Imprimer
Burundi

Kaminuza y’Uburundi : « Uko nasanze ingovyi yampetse » 

 Muramaze kubona ingene agatima kama gakubita umuntu yibutse ishure canke kaminuza vyamuramuye ? Uno mwanditsi wa Yaga araducira ku mayange ibigumbagumba afitiye Kaminuza y’Uburundi, haba kuri vyiza na bibi. Agira ati « ng’uku uko nahasanze aho ndahaherukira »

“Turi kaminuza, turi urumuri. Rumurikira igihugu mu majambere”. Ng’ico icitabirizo c’ururirimbo rwahayagiza kaminuza y’Uburundi igihe twahiga. Nk’uko bayitaziriye Rumuri, hinge rero tumurike, turabe uko urumuri rwacu rusigaye rwifashe.

Mu buraro sinohateba. Inyubakwa ziracari za zindi, naho zikumbuye akarangi cane. Hamwe twahora dufungurira, mu buriro, ukazobona abanyeshure banyuragiranwa binjirayo, ntuze wibaze ngo n’abagiye gutamira canke “gusiyeja”(kunywa akayi wisubiriza, ukahateba). Haba na mba. Ubu ni isomero (auditoire).

Utereje ijisho hamwe hepfo, ubona imirima yaravogereye ca kibuga c’umupira w’amaguru, eka no ku vy’imipira y’amaboko, ntihashemeye. Uteye uja imbere, urabona ko hongerekanye abiyungunganya mu gufotora no kwandika ku nyabwonko (secretariat public). Hari n’uwubatse uburiro.

Hafi yaho, ni ku kabare twatazira “Des idées”. Naho nahaciye ku mutaga ata gakacira, amatwi ansumira naho nta kikigenda. Haruguru yaho, uburaro bwiswe GH (Grand Home) bwari ubw’abakobwa bakiri bato mu mashure, aho twatazira i Bukinanyana, naho nasanze hakumbuye akarangi, navyo ivyatsi biri mu kuzirengera. Iyo ngize ndabona isayangana, nagiye numva ngo bayihinduye ibiro.

“ Kugawusinga ”, pi…Ariko ni nde atibuka ingene abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bahora bama bambaye ibikokora. Ipantaro n’ishati biteye ipasi, n’ikirato gisize, kiyagayaga, naho cobaye carahengamye canke cuzuye ibiremo. Munyumve neza, simvuze ko bose bambara neza! Sinibagiye ko washobora gusanga umuntu agenda agaye, yiyambariye ikirato gitukura, ipantaro y’umuhondo n’ishati y’urwatsi rubisi vyose biyagayaga, agaca agenda ahakwa gusanza amaboko afise ka gasakoshi gatwara impapuro. Vyibuke!

Twagatazira “Je suis mémorand” (Ndiko nandika igitabu Ndrl), canke “Je cherche une femme” (Ngomba umugore Ndrl). Ako, ubundi ntikapfa gutwarwa n’uwukiri mu myaka yo hagufi mu mashure. Twagendera ifyeri, tugawusinga.

Ubu rero abanyeshure nahasanze, naradutse ndatwenga. Si bose, munyumve neza. Iyumvire kubona uwambaye munekere (pocket down) , ipantaro ihakwa gukoroka, Hari mbere n’abo ubona umushatsi barateretse, usambaguye, bitandukanye no mu myaka yahera. Ntibari benshi ariko abo nabonye, barantangaje. Kimwe gusa biraboneka ko benshi bonze. Ibihe biha ibindi, nta kundi.

Ahahoze igisata c’ubuhinga (sciences), akaranga mw’isukuIgisata kirimwo uburimyi ni co gisayangana, gusa sininjiye ngo ndabe imbere. Urazi muri ca gisata c’indimi, amategeko n’ibindi ko uravye inyuma womengo haragarukiwe ? Winjiye ubona ibindi, ibibambazi ntawomenya igihe biherukira irangi. Mu gisata c’ubutunzi ni uko nye. Emwe ! Na ya nyubakwa irimwo ibiro vy’umuyobozi (rectorat) ntiherutse gusigwa.

Utereje ijisho haruguru mu gisata c’ubuhinga, agatima karera. Harasukuye, utwatsi turatemye, amashurwe arabagaye kandi akase neza, haraberewe pe! Hari n’iyindi nyubakwa nini isayangana.

Ikibazo gushika ubu ngifise ntaronkera inyishu: ico gisata gisayangana conyene ahandi harageseye, usanga n’utuzu twa surwumwe tudashemeye, bigenda gute? Bafise amafaranga bakoresha adasanzwe, abafise abakozi atari nk’ab’ahandi ? Habuze iki ngo abandi babarabireko ? Mugabo, nibaza ko vyanse kubera haheze imyaka irenga 20 ndabizi uko.

Kimwe gusa, ntaworeka gushima ikindi ciza nahabonye. Hari intebe hanze mu bisata bitandukanye, abanyeshure bicarako basama akayaga canke ugasanga hari uwuriko yisomera igitabo, mu duti.

Irungu kuri PositaKurya akanoti karyoha, n’urugendo rwanje narurangirije kuri posita. Nahamaze iminota irenga 30 ndiko ndaganira n’umuntu, ndaba uko vyifashe. Nahabonye abantu batarenga batatu. Kera hahora hama hatonze abantu, aho simvuze imirongo miremire cane y’abanyeshure iyo agafashanyo kabonetse, “igiti camye” nk’uko twavyita. Iyo habonetse agafashanyo ka mbere abanyeshure bashasha baronka, ivyo twita “Amayezi”, hoho imirongo ikarushiriza kuba miremire.

Ubu sinzi ico bapfuye na kaminuza, aba “poils” “bamura” mw’ibanki. Mbajije, nasanze kuri iyo posita hahemberwa abakozi ba kaminuza. N’inyubakwa ya posita, ntiherutse akarangi. Aho batorera amafaranga (guichets), hari amadirisha 9 mugabo urabona ko batonda kuri atatu gusa, ahandi ho harafufuye. Nca nibuka igihe cacu, “camye”, twaratura umube. Ku mugoroba, muri“Des idées” warabona ko hari icahindutse kugeza aho bicara na hahandi hahora sitasiyo y’igitoro.

Inyuma yo gutembera ikigo candamuye kikangira uwo ndi, nasohotse numva nuzuye agahinda nkubitiza agatima ku bihe twabayemwo, ku mutima ngira nti ese Rumuri yogarukirwa, maze igasubira kuvugangwa mu zindi kaminuza.

  dataLayer.push({ events : { label : "/kaminuza-uburundi-ingovyi-yampetse/", action : "button_loaded", category : "Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?" }, event : "interaction" });

 


Article publié le Tuesday, February 18, 2025